Muri Cadi, umunyapolitike atavuga rumwe na reta, Yaya Dillo, yarishwe bivuye ku kurasana hagati y’abanywanyi b’umugambwe wiwe, hamwe n’abajejwe umutekano.
Uyo munyapolitike yagandaguwe ejo ku musi wa gatatu igihe abantu bitwaje ibigwanish batana mu mitwe n’abajejwe umutekano, nk’uko vyatangajwe n’umushikirizamanza, Oumar Mahamat Kedelaye, uyu musi ku wa kane.
Inkoho zikomakomeye zarunmvikanye ejo ku musi wa gatatu ku murwa mukuru NDjamena, hafi y’ingoro y’umugambwe utavuga rumwe na reta wa Dillo.
Abantu batari bake bari baraguye mu bindi bitero vyabaye mbere, hafi y’ibiro vy’abajejwe umutekano.
Ubwo bwicanyi bubaye imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kwa gatanu no mu kwezi kwa gatandatu.
Ayo matora afise intumbero yo gusubiza igihugu ca Cadi mu nzira ya demokrasi, inyuma ‘yaho habereye kudeta ya gisirikare mu myaka itatu iheze.
Umutekano usa n’uwasubiye kugaruka, kandi abanyagihugu basubiye ku mirimo yabo kuva mu gitondo c’uyu musi.
Ejo ku musi wa gatatu, ingoro y’umugambwe utavuga rumwa na reta, urongowe na Dillo, yari yakikujwe n’abajejwe umutekano.
Forum