Ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu mu ntara ya Gaza butangaza ko mu masaha 24, abantu barenga 100 bahitanywe n'ibitero vy'indege vya Isirayeri.
Amakuru ava muri Palestina biciye mu bushikiranganji bwitaho amagara y’abantu mu ntara ya Gaza, yemeza ko Isirayeri yagavye ivyo bitero, mu buseruko bw’ibisagara vya Khan Younis na Rafah.
Isirayeri naho ataco yabivuzeko, yemeje ko igitero c’indege itagira umudereva yagavye ejo ku wa kane mu gisagara citwa Jenin cahitanye umugwanyi wo mu murwi w’iterabwoba w’abajihadiste biyitirira idini rya isilamu.
Itangazo ry’igisirikare ca Isirayeri ryasiguye ko ico gihugu “cishe uwo murwanyi ariko aja gukora igitero”. Isirayeri ntiyigize ivuga aho uwo murwanyi azwi kw’izina rya Yasser Hanoun yari agiye gukora ico gitero.
Hagati aho, ibimenyeshamakuru bitangaza ko umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, yashize ahabona umugambi w’ibizokurikira intambara ico gihugu kirimwo na Hamas iheze. Bimwe mu vyo uwo mugambi woba uteganya ni ukugumisha inzego za gisirikare n’iza gisiviri zayo zikagenzura intara ya Gaza.
Mu gushika kuri uwo mugambi, Isirayeri yizeye ku zobicisha mu bufatanye bwa Misiri na Amerika, aho Isirayeri yipfuza kugenzura abinjira n’abasohoka muri iyo ntara ku mupaka wo mu buseruko ihana na Misiri.
Ntibiramenyekana nimba Misiri yaremeje ivy’uwo mugambi. Ibimenyeshamakuru bivuga ko indongozi zo muri Palestina zimaze kuwubona zawiyamirije. Bimwe mu biri muri uwo mugambi biratandukanye n’ivyo Reta zunze ubumwe z'Amerika iteganya ko habaho umuti wa “reta zibiri”, wotuma hobaho reta ya Palestina yigenga.
Forum