Uko wahagera

Kenya Yahevye Ingingo yo Kurihisha Amadorari 30 ya Viza ku Bihugu 6 Birimwo ivya Afurika


Kenya yakuyeho amafaranga abafise ibitabo vy’inzira( passport) vyo muri Afrika y'epfo no mu bindi bihugug 6 batanga mu gusaba uburenganzira bwokwinjira muri ico gihugu. Vyakwirikiye ibinebaguro bikomeye ku ngingo iherutse gufatwa yo kurishisha amadolari 30.

Iyo ngingo igenewe kunagura igisata c’ingenzi no kworohereza abakora imirimo y’ubudandaji muri ico gihugu. Imbere y’aho, abantu bose bafise ibitabo vy’inzira vyo mu mahanga, bategerezwa kuriha amafaranga ya visa. Yamara iyo ngingo ya reta ya Kenya yari yaraneguwe bikomeye n’abavuga ko ikiguzi ca viza cari umurengera.

Ibihugu bitazoriha ayo mafranga ni Afrika y’epfo, Congo-Brazzaville, amazinga ya Comores, Mozambike n’ibihugu bigize ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko, EAC.

San Marino, igihugu ca gatatu mu buto ku mugabane w’Ubulaya, ni co kindi kiri ku rutonde rw’ivyakuweko ayo mafaranga. Yamara abagira ingendo baturuka muri ivyo bihugu bazotegerezwa kuronka urwandiko rucishijwe mu buhinga bwa none, ruzobarekurira kwinjira muri Kenya, ruzomara imisi 90. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG