Amashami ya ONU 19, n’amashirahamwe akorana nayo asaba Isirayeri gukora ivyo ibwirijwe mu kubahiriza amategeko mpuzamakungu muri yo harimwo ayo gutabarana
Ayo mashirahamwe avuga ko ukubahiriza ayo mategeko vyotuma imfashanyo zirimwo imiti, n’indya zishobore gushikira abanyagihugu bo mu ntara ya Gaza vyoroshe.
Mw’itangazo ayo mashirahamwe yasohoreye hamwe, avuga ko ahangayikishijwe n’intambara ya Hamas na Isirayeri. Asaba indongozi z’isi gukinga ico yita “ Akaga katagira izina gashobora kwaduka.”
Iryo tangazo rigira riti: “ Ingwara ni nyinshi. Inzara irugarije abantu. Amazi ntayo. Inyubakwa zarasambuwe. Ibitaro bisigaye bisa nk’urubuga rw’intambara. Abana barenga umuriyoni babayeho mw’ihahamuka. Abasivile bo muri Palestina nta bufasha bafise”
Amashirahamwe yasohoye iryo tangazo, arimwo ishami rya ONU rijejwe ibifungurwa kw’isi, PAM, irijejwe amagara y’abantu, OMS, ikigega ca ONU citaho abana, UNICEF, Ishirahamwe mpuzamakungu CARE n’ayandi.
Itangazo ry’ano mashirahamwe rije umunsi umwe inyuma y’uko Amerika itoye yemeza ingingo y’akanama ka ONU kajejwe umutekano, isaba ko intambara hagati ya Hamas na Isirayeri ihagarara ata kirinze gusabwa.
Hagati aho, mu kiringo kiri munsi y’amezi atanu, intambara ya Hamas na Isirayeri imaze guhitana Abanyepalestina bababa ibihumbi 30.