Uko wahagera

Umuvukanyi wa Prezida wa Amerika Yisiguye kuri Dosiye y'Ibiturire Vyegekwa kuri Joe Biden


James Biden, mwenewabo na Prezida Biden
James Biden, mwenewabo na Prezida Biden

Umurwi w’abashingamateka b’abarepublikane bajejwe gutohoza ku vyagiriji vy’uko prezida w’Amerika, Joe Biden, yoba yarabeshe abanyagihugu ku bijanye n’ubudandaji bwo mu muryango wiwe, uno munsi ku wa gatatu bumvirije mwenewabo.

Abarepublikane bagiriza Joe Biden kuba yoba yarariye ibiturire n’ukuba yoba yarakoresheje igihagararo ciwe igihe yari visi perezida wa Amerika (2009-2017), kugira umuryango wiwe ukore ubudandaji budaciye mu mategeko biciye mu masosiyete yo muri Ukraine no mu Bushinwa. Ino dosiye irimwo kandi umuhungu wa Joe Biden.

Mwenewabo wa Biden, James Biden, yabwiye abariko bakora amatohoza kuri Biden ati: “Haheze imyaka 50 nkora ivy’ubudandaji. Joe Biden ntiyigeze abigiramwo uruhara. Nta ruhara na rumwe abifisemwo.”

Abademocrate basanga aya matohoza kuri Joe Biden agamije inyungu za politike mu gihe himirije amatora.

Abasesanguzi basigura ko amahirwe y’uko hari ico ayo matohoza ashikako ari make cane. Ni mu gihe uwitwa Alexander Smirnov, yahoze aha amakuru ibiro vya reta y’Amerika bijejwe amatohoza, FBI, aheruka kwagirwa n’icaha co kuba yarabesheye umuhungu wa Joe Biden, yitwa Hunter Biden.

Alexander Smirnov, yoba yaravuze ko we na se bariye ibiturire vy’amamiriyoni atanu y’amadorali, umwe umwe, kugira ngo sosiyete yo muri Ukraine ikorera mu vya gaze ntikurikiranwe mu butungane.

Muri ino ndwi, abacamanza baremeje ko Alexander Smirnov, ubwiwe yiyemereye ko amakuru yahaye FBI, yayakura mu begereye iperereza ryo mu Burusiya.

XS
SM
MD
LG