Ibiziga vy’abasirikare babiri ba Afurika y’epfo baheruka kurwa ku rugamba mu buseruko bwa Kongo vyatahanywe uno munsi ku wa gatatu.
Kapitene Simon Mkhulu Bobe na Kaporari Irven Thabang Semono bahitanywe n’urusasu rwo mu bwoko bwa mortier igenekerezo rya 14 uku kwezi kwa kabiri.
Nta makuru araboneka ku bateye urwo rusasu ku kirindiro c’abasirikare ba Afurika y’Epfo kiri I Goma mu ntara ya Kivu ya Ruguru. Abategetsi ba Afurika y’Epfo bavuga ko bagikora amatohoza.
Urupfu rw’abo basirikare babiri rwavugishije abatari bake muri Afurika y’Epfo. Abatavuga rumwe na Reta y’ico gihugu basanga ata nyungu n’imwe Afurika y’Epfo ifise mu kurungika ingabo zayo kugarukana amahoro muri Kongo.
Umugambwe uza imbere mu yitavuga rumwe na Reta ya Afurika y’Epfo, Alliance démocratique (DA), uvuga ko absirikare b’ico gihugu ata bikoresho n’ubuhinga bafise vyo kuja ku rugamba mu bindi bihugu.
Ni ubwa mbere Afurika y’Epfo iburiye abasirikare muri Kongo kuva yatangura kubarungika muri Kongo mu kwezi kwa cumi na kabiri ko mu mwaka uheze. Muri rusangi, yarungitse abasirikare 2900.
Forum