Ibihugu bigize ishirahamwe ry'Ubumwe bw'Ubulaya, kuri uyu wa gatatu, vyumvikanye ku bihano bishasha ku gihugu c'Uburusiya . Ivyo bihano bifatiwe amashirahamwe akora ibikorwa vy'ubudandaji n'abantu bagirizwa ko bafasha Uburusiya mu bitero bukora muri Ukraine.
Iyo ngingo y’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ubulaya ihuriranye n’imyaka ibiri irangiye Uburusiya butanguye ibitero muri Ukraine. Hari kw’itariki 24 y’ukwezi kwa kabiri mu mwaka w’i 2022. Ifashwe kandi imisi mikeyi inyuma y’urupfu rw’umunyapolitike atavuga rumwe na reta y’Uburusiya, Alexei Navalny.
Ububiligi, buyoboye muri iki gihe ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ubulaya rigizwe n’ibihugu 27, bwatangaje ko ibihano bwafatiye Uburusiya ari bimwe mu bikomeye cane rifashe.
Abaserukira iryo shirahamwe bose bumvikanye ku ngingo yo gufatira ibihano amashirahamwe n’abantu ku giti cabo bagera ku 200. Batangaje ko amashirahamwe atari make akora imirimo y’ubudandaji y’Ubushinwa abonwa ko afasha Uburusiya na yo nyene yafatiwe ibihano.
Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ubulaya ryarafatiye ibihano Uburusiya incuro zitari nke kuva perezida wabwo Vladimir Putin ategetse inteko ziwe gutera Ukraine. Ivyo bihano vyashimikiye cane cane ku bisata bijanye n’amasoko ntanganguvu, amabanki, ubutare bwa diyama, hamwe n’amashirahamwe akora mu vy’ubudandaji. Ivyo bihano kandi vyaratumye amatungo y’abategetsi b’Uburusiya ahagarikwa kandi badashobora kwemererwa kugira ingendo mu karere k’Ubulaya. (AP)
Forum