Uko wahagera

Senegal: Imigambwe Irashinja Perezida Sall Gutinza Amatora


Imiryango itagengwa na reta mu myigaragambyo isaba ubutegetsi kudatinza amatora
Imiryango itagengwa na reta mu myigaragambyo isaba ubutegetsi kudatinza amatora

Muri Senegal, abanyapolitike batavuga rumwe na reta barega Perezida Macky Sall ko atariko arihuta mu gutanga ikirangamisi c’amatora y’umukuru w’igihugu.

Ivyo birego bishikirijwe inyuma y’aho sentare nkuru y’igihugu ifatiye ingingo ivuga ko umugambi wari washikirijwe na Perezida Sall wo kwigiza inyuma amatora inyuma iteye kubiri n’amategeko. Mu ndwi iheze Perezida Sall yaremeye ko azokwubahiriza iyo ngingo, aca atangaza ko azoshikiriza ikirangamisi mu maguru masha.

Imbere y’uko Perezida Sall yemera iyo ngingo y’inama nkuru ijejwe ibwirizwa shingiro, yararemerewe cane n’abanyagihugu biwe, ndetse n’amakungu, inyuma y’aho ingingo yari yafashe yo kwunguruza ikiringo c’ayo matora, yari yategekanijwe kuba kw’itari ya 25 y’uku kwezi kwa kabiri itereye akajagari mu gihugu. Iyo ngingo yari yatumye haba uruhagara rukomeye mu gihugu n’imyiyerekano y’urutavanako.

Yamara gushika ubu itariki nshasha y’igihe amatora azotunganirizwako, ntiratangazwa: Ivyo biriko biratera amakenga bamwe mu banyapolitike batanguye gusaba ko ayo matora yotungwanya imbere y’uko ikiringo ca Perezida Macky Sall ku butegetsi kirangira kw’igenekerezo rya 2 ry’ukwezi kwa kane.

Abanyapolitike 16 kuri 19 bariko barahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu basohoye urwandiko bashikiriza amakenga bafise kubona gushika ubu, Perezida Sall atarashira mu ngiro ingingo yafashe n’akanama kajejwe ibwirizwa shingiro. (Reuters)

Forum

XS
SM
MD
LG