Uko wahagera

Ubufaransa Burasaba Itohoza ku Rupfu rwa Alexei Navalny


Ubufransa, kuri uyu wa kabiri, bwasavye ko haba itohoza ryigenga ku rupfu rwa Alexei Navalny, umunyapolitike akomeye atavuga rumwe na Reta ya Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin. Bwabitangaje inyuma y'uko butumyeko uwuserukira Uburusiya muri ico gihugu.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubufaransa bwagirije abategetsi ko bafise uruhara mu rupfu rwa Alexei Navalny. Uretse gusaba ko haba itohoza ryigenga kandi ryimbitse ku rupfu rwa Navalny, Ubufransa bwasavye ko abapfungiwe impamvu za politike bose barekurwa bidatevye kandi atabibanje gusabwa. Ubufaransa bwarerekanye kandi ko butewe amakenga bikomeye n’ukugene uwundi munyapolitike atavuga rumwe na Reta y’Uburusiya, Vladimir Kara-Murza, amerewe ku bijanye n’amagara yiwe.

Kara-Murza, umunyapolitike atavuga rumwe na Reta y’Uburusiya, afise imyaka 42, yaciriwe umunyororo w’imyaka 25 kubera yagirijwe ko yanebaguye ingingo y’Uburusiya yo gutera Ukraine. Kara-Murza ni we yaciriwe igihano co gupfungwa igihe kirkire cane kurusha abandi bose banebagura Prezida Vladimir Putin.

Alexei Navalny, yari afise imyaka 47, yitavye Imana ari mu munyororo, ku musi wa gatanu w’indwi irangiye, nk’uko amakuru yatangajwe n’abategetsi b’Uburusiya, abivuga. Yamara abanyapolitike batavuga rumwe na reta bavuze ko yagandaguwe. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG