Republika ya Demokarasi ya Kongo yagirije u Rwanda “kugaba ibitero vy’indege z’intambara zitagira umudereva, Drone, ku butaka bwayo.”
Mu butumwa bwa videwo, Liyetena Koloneli Guillaume Ndjike, avugira igisirikare ca Kongo mu ntara ya Kivu ya Ruguru yavuze ko mu bucagucagu bw’uno wa gatandatu, sa munani z’ijoro, drone z’igisirikare c’u Rwanda, zakoze ibitero ku kibuga c’indege c’I Goma mu buseruko bwa Kongo.
Liyetena Koloneli Guillaume ati: “ Nta nkeka izo drone zaduteye zivuye mu Rwanda, zari zigamije gusambura indege z’igisirikare cacu.Yamara, nta ndege y’igisirikare yononenekaye, ahubwo hononekaye indege za gisivile.”
Igisirikare ca Kongo nticigeze kivuga igitigiri c’ indege zononywe n’ivyo bitero cegeka ku Rwanda. Eka nticanavuze ibisasu vyoba vyararashwe uko bingana.
Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, dukesha ino nkuru, rivuga ko ejo mw’ijoro hari abanyagihugu bo muri Goma baribwiye ko bumvise urusaku rw’ibisasu bibiri. AFP, ikavuga ko naho biri uko, amasoko yayo yizewe yemeza ko ikibuga c’indege ca Goma cakoze ukuri kwamye.
Umwe mu badandariza ku rwinjiriro rw’ico kibuga c’indege, yabwiye AFP ati: “ Imirimo iriko irangurwa nk’uko vyahora. Aha tuvugana, ndiko ndatunganiriza abaje kunshorera.”
Ijwi ry’Amerika, twagerageje kurondera abategetsi b’igisirikare c’u Rwanda ngo twumve ico bavuga ariko turabakena.
Forum