Umucamanza muri sentare ya reta ya New York yafashe ingingo ko urubanza mpanavyaha, Donald Trump yahoze ari prezida w'Amerika yagirizwamwo kuba yarahaye igifukamunwa umugore akina amafilime y'abakuze bigeze kuryamana nk'umuhabara, rubwirizwa gutangura kuburanishwa kw'igenekerezo rya 25 ry’ukwezi kuza kwa gatatu.
Donald Trump yahoze ari prezida w’Amerika, yari yasavye ko urubanza rwiwe ruburizwamwo ntiruburanishwe.
Ingingo y’umucamanza muri sentare ya reta ya New York itumye Donald Trump aba uwa mbere mu bahoze batwara Amerika arengukishijwe imbere y’ubutungane mu rubanza mpanavyaha.
Donald Trump yavuze ko uru rubanza ata kindi rugamije atari ukumubera intambamyi mu matora ya prezida yimirije. Yavuze ko “bigoye kuzofatikanya ukwiyamamariza amatora, n’imburano za New York.”
Muri ino dosiye, Donald Trump yagirwa n’ivyaha 34 bifise imizi mu gifukamunwa yoba yarahaye Stormy Daniels, kugira agire ibanga amakuru yose ajanye n’ubucuti bagiranye nk’abahabara. Stormy Daniels, akina amareresi y’abakuze, afatwa nk’ay’ibiterasoni mu kigabo nyafurika.
Ukuba Trump yotanga igifukamunwa kuri uwu mugore, ubundi nta caha birimwo mu mategeko y’Amerika. Ahari icaha ni uko Trump, yagirizwa ko amafaranga yatanze nk’igipfukamunwa yayakuye mu yari ategekanijwe mu bikorwa vyo kwiyamamaza mu matora yo mu 2016.
Impapuro zikreshwa muri sentare zivuga ko Donald Trump yoba yarahaye Stormy Daniels igipfukamunwa kigera ku bihumbi 130 vy’amadorali y’Amerika.
Forum