Uko wahagera

Abarundi Basaba Amaradiyo Gukora Mu Mwidegemvyo Nka Kera


Abumva amaradiyo bemeza ko hari ivyo babona ko abanyamakuru batinya kuvuga.
Abumva amaradiyo bemeza ko hari ivyo babona ko abanyamakuru batinya kuvuga.

Uburundi bwifatanije n’amakungu mu guhimbaza umusi wahariwe iradiyo. Muri zone Gatumba ni ho hahimbarijwe uyo musi aho abategetsi bifatanije n’abanyagihugu bahuye n’ibiza.

Basabye amaradiyo gutanga amakuru ku gihe ajanye no kwirinda ibiza.

Uburundi bwawuhimbaje ku civugo kigira giti: guhangana n’ibiza n’isibe na cane cane ku kiyaga ca Tanganyika n’uruzi Rusizi mu gukingira abantu bahegereye ndetse n’ibikorwa bihakorerwa.

Harubuntu Onesime arongoye ishirahamwe ry’amaradiyo mu Burundi, ABR, avuga ko umwuga wo kumenyesha amakuru ufise uruhara mu kurwanya ibiza n’isibe bihanze Uburundi muri kino gihe, kugira ngo amakuru ashikire abo biraba bose.

Ijwi ry’Amerika ryavuganye na bamwe mu banyagihugu bumviriza amaradiyo hirya no hino mu gihugu, batubwira ko kwumviriza amakuru bibafasha kumenya aho ibihe bigeze.

Ariko kandi banasigura ko amakuru aca ku maradiyo atandukanye mu Burundi atagifise akanovera nka kera. Bemeza ko hari ivyo babona ko abanyamakuru batinya kuvuga.

Abo bumviriza amakuru bavuga ko baca bahitamwo kuja kurondera ayo ku mbugahwaniro naho ibicaho vyose bataba bavyizeye.

Ikindi basaba ni uko amaradiyo yokora mu mwidegemvyo nka kera kugira ngo abanyagihugu baronke amakuru yuzuye kandi yizewe.

Naho ku bijanye n’uruhare rw’amaradiyo mu kumenyesha amakuru yo kwirinda ibiza n’isibe bihanze Abarundi, Onesime Harubuntu atwara ABR, amenyesha ko ihimiriza ryo kwirinda ibiza biciye ku maradiyo bishoboka, yamara akavuga ko ubushobozi bwo gushikira amakuru yizewe bikigoye ibimenyeshamakuru.

Umuhinga mu bijanye no gukinga ibiza n’isibe Bunduyi Desire avuga ko imyuzure n’imiyaga bibandanya kuba vyinshi mu Burundi. Akaboneraho gusaba Abarundi kugira umuco wo kwakira imburi imbere y’uko ikiza gishika, vyaba ivyo bumvise no ku ma radiyo.

Umuyobozi ajejwe igisata co gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe Anicet Nibaruta na we amenyesha ko mu bice vy’Imbo no mu misozi iri ihanamye, ariho hageramiwe n’ibiza.

Ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru, ubuhinga n’ibimenyeshamakuru busaba amaradiyo gushiraho no gukora ibiganiro bikwiye, bigaruka ku biza n’isibe.

Abarundi basabwa kwumviriza amaradiyo mu ntumbero yo guhangana n’ibiza bituruka kw’ihindagurika ry’ibihe. Abakenyezi basabwa kuba aba mbere mu gukurikiranira hafi ayo makuru biciye ku maradiyo kuko bafise uruhara runini mu miryango. Bityo, birinze bazokiza vyinshi nkuko vyashikirijwe kuri uyu munsi wahariwe radiyo mu Burundi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:28 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG