Uko wahagera

Madamu wa Ali Bongo n'Umuhungu Wiwe " Bafashwe Nabi aho Bapfungiwe"


Umugore wa Ali Bongo ni uwo ari i bubamfu. Ino foto yafashwe mu 2009
Umugore wa Ali Bongo ni uwo ari i bubamfu. Ino foto yafashwe mu 2009

François Zimeray aburanira umuryango wa Omar Bongo yahoze ari prezida wa Gabon, yemeza ko umutambukanyi wa Omar Bongo, Sylvia Bongo Ondimba Valentin, n’umuhungu wiwe, Noureddin Bongo Valentin, bafashwe nabi aho bapfungiwe kuva mu kwezi kw’icumi ko mu mwaka uheze.

François Zimeray avuga ko Noureddin Bongo Valentin, yakorewe ihohoterwa, nyina wiwe nawe afatwa nabi cane. Yagize ati: “ Noureddin yarahohotewe. Bamucishijeko umuyagankuba. Baramukubise imisipi. Sylvia Bongo nawe, bamuseko amazi arimwo amabarafu, baramutera ubwoba kugira ashire umukono ku mpapuro zirimwo ibinyoma.”

Omar Bongo yavanywe ku butegetsi bwa Gabon mu mpera z’ukwezi k’umunani mu mwaka wa 2023. Abasirikare batembagaje ubutegetsi bagiriza abamwegereye na cane cane umufasha wiwe n’umuhungu wiwe, ko ko bivye Gabon ibifaranga vyinshi.

Itororookanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, Ijwi ry’Amerika rikesha ino nkuru, ryarondeye parike y’igisagara ca Libreville, kugira ryumve ico ivuga kuri ibi vyagiriji, ariko ntaco yavuze.

Amasoko yegereye ubutungane muri Gabon, yemeza ko Madamu wa Bongo n’umuhungu wiwe ata burenganzira bw’uko babonana n’ababunganira mu gasho. Boba bahurira aho baburanira gusa.

Bongo yavanywe ku butegetsi inyuma y’imyaka 55 yabumazeko. Yabugiyeko asubiriye se yatwaye Gabon mu kiringo c’imyaka irenga 40.


Forum

XS
SM
MD
LG