Uko wahagera

Ibitero Vya Isirayeri Vyahitanye Abantu 8 Mu Gisagara ca Rafah


Ibitero mu gisagara ca Rafah
Ibitero mu gisagara ca Rafah

Igisirikare ca Isirayeri kuri iyu wa Gatanu, cakoze ibitero vy'indege z'ingwano mu gisagara ca Rafah, kiri mu bumanuko bw'intara ya Gaza, ku rubibe n'igihugu ca Misiri.

Ababonye ivyabaye n’abakozi bo mu bitaro batangaje ko abantu batari musi y’umunani, barimwo abapfasoni n’abana bishwe muri ivyo bitero.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press, ryatangaje ko ivyo bitero vyasambuye inyubakwa ibamwo abanyagihugu mu gisagara ca Rafah n’ishule riri mu gisagara ca Zuwaida kiri mu gice co hagati mu ntara ya Gaza.

Ibitero vyo kuri uyu wa gatanu mu gisagara ca Rafah vyabaye amasaha makeyi inyuma y’uko Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, anebaguye bikomeye ukugene umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu ariko avyifatamwo mu bitero igisirikare ciwe kiriko gikora mu ntara ya Gaza.

Ivyo bitero bimaze guhitana Abanyapalestina barenga 27,000 nk’uko ibiharuro vyatanzwe n’abategetsi bajejwe amagara y’abantu mu ntara ya Gaza, bivyerekana.

Prezida Biden, igihe yariko yishura ikibazo c’umumenyeshamakuru mw’ijoro ry’ejo ku musi wa kane, ari mu biro vyiwe, Maison Blanche, yatangaje ko ku bwiwe uburyo Isirayeri iriko ivyifatamwo mu bitero vyayo mu ntara ya Gaza birenze urugero.

Yatangaje ko ariko akora ibishoboka vyose kugira haboneke agahengwe mu ntara ya Gaza, abagizwe imbohe n’umurwi Hamas, hamwe n’Abanyapalestina bari mu mabohero muri Isirayeri, bakarekurwa.

Forum

XS
SM
MD
LG