Uko wahagera

Gukorera Imodoka Mu Buyenzi Mu Murwa Mukuru w'Ubutunzi Bujumbura Vyahagaze


Moteri y'imodoka
Moteri y'imodoka

Mu Burundi, abategetsi b'umurwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura bafashe ingingo yo kwirukana abakorera imodoka muri zone ya Buyenzi. Bavuga ko ari ingingo ntasubirwamwo.

Ni ingingo yatanguye gushirwa mu ngiro ku wa kabiri igenekerezo rya 6 uku kwezi kwa kabiri.

Abategetsi bavuga ko iyo ngingo yafatiwe mu nama yo kuwa 29 ukwezi kwa mbere guheze, nk’uko Ijwi ry’Amerika ryavyiganiwe na bamwe mu bari bayitabiriye.

Abaganiriye na twe bashimye ko umwidondoro wabo utamenyekana tubaha amatazirano. Uwu twashimye kwitwa Yusufu Gahongano asanga imisi aberekewe n’iyo ngingo bahawe kugira babe bimutse ari mike cane akanababazwa no kubona reta ibata mw’ibarabara.

Sefu Niyonkuru, umukuru wa zone Buyenzi yatubwiye ko ari ingingo ntasubirwamwo.

Ariko ivyo ntibinyura Rashid Rurakamvye, umufundi aturuka mu kandi gace ka Bujumbura aja kwisumamwo mu Buyenzi. Asigura ko ubuzima bw’abenshi buzobangamirwa.

Sefu Niyonkuru atwara zone ya Buyenzi ntava kw’izima: Uwubandwa ni we abanda urugi.

Zone ya Buyenzi ifise amabarabara 25. Yose kuva ku ntango kugera ku mwonga w’uruzi Ntahangwa ruyigabura n’uburaruko bwa Bujumbura, ariko ibibanza vyo gukoreramwo imodoka.

Iyo zone yo hagati mu gisagara ca Bujumbura ibamwo abayisiramu benshi kurusha ahandi mu Burundi yakira imodoka kandi ziva mu bihugu bibanyi cane cane iziva i Buvira muri Kongo.

Nta bitigiri nyezina bizwi vy’abantu n’imiryango bashobora gutakaza akazi kubera iyi ngingo. Ikizwi ni uko amabarabara ya Buyenzi ashobora kugira inzu ziri hagati ya 70 na 80 kw’ibarabara rimwe rimwe. Nka hose uko ari 25 haba hahagaze imodoka zitari nke.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:17 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG