Uko wahagera

Papa Yanebaguye Abiyamirije Ihezagirwa ry'Ababana n'Abafise Ibitsina bisa n'Ivyabo


Papa Fransisiko
Papa Fransisiko

Umwungere wa Ekleziya Katorika, Papa Fransisiko, yanebaguye bikomeye abiyamirije ingingo yiwe yo guhezagira abakundana n'abafise ibitsina bisa n'ivyabo. Yise abanebaguye ingingo yiwe "Abiyorobetsi".

Mu kiganiro Papa Fransisiko yakoranye n’ikinyamakuru, Credere, cegukira Ekleziya Katorika mu Butariyano, yagize ati: “Nta n’umwe yigera ababara iyo mpezagiye umugwizatunga acinyiza ikiremwamuntu! Kandi iki ni icaha kibi cane. Ariko, bakababara mpezagiye abakundana n’abafise ibitsina bisa? Ubwo, ni ubwiyorobetsi.”

Ikimenyeshamakuru, Credere, casohoye agace gato k’ikiganiro cakoranye na Papa.

Ibiro vy’Abongereza bijejwe gutangaza amakuru, Reuters, dukesha ino nkuru, vyatangaje ko amajambo Papa yavugiye mu kiganiro yakoranye na Credere, ari yo ya mbere akarishe avuze, yerekana ko adatahura abiyamiriza umuhezagiro w’abakundana n’abo basangiye ibitsina.

Abagendera ku vy’iyumviro vya kera, na bo bavuga ko amajambo ya Papa Fransisiko ashobora kubangamira akarangamutima n’inyigisho za Ekleziya Katorika.

Mu kwezi guheze, ni ho Vatikano yasohora urwandiko yise “Fiducia Supplicans”, rwemeza ko abakundana n’abo basangiye igitsina bohabwa umuhezagiro. Abepiskopi batandukanye barimwo ahanini abo ku mugabane wa Afurika, bariyamirije urwo rwandiko bavuga ko ruciye kubiri n’imigenzo hamwe n’inyisgisho vya Eleziya katolika.

Papa Fransisiko yisiguye avuga ko uguhezagira abakundana bahuje ibitsina bidasigura kubahezagira nk’abagiye kubana, ahubwo ari ukubaha umugisha bisanzwe.

Yatanze akarorero agira ati: “Iyo abakundana bahuje ibitsina, baje basaba umuhezagiro, bakawuhabwa, tuba duhezagiye abantu ubwabo, ntituba duhezagiye ubucuti bubahuza.”

Ekleziya Katorika yamye kuva kera yigisha ko abakundana n’abo bahuje ibitsina baba bakoze igicumuro kiremereye, kandi abashigikiye uwo murwi na bo bakwiye gufatwa nk’ibicibwa.

Mu kindi kiganiro Papa Fransisiko yatanze mu ndwi iheze, yavuze ko yizeye ko abatera ivyatsi abari mu murwi w’abakundana bahuje ibitsina, hazogera igihe bakabatahura. Yamara, Papa Fransisiko ku rundi ruhande, avuga ko atahura Abanyafurika batera ivyatsi abakundana bahuje ibitsina, gutyo batoshirwa mu murwi w’abandi bo ku yindi migabane.

Kuva akija mu mabanga y’ubwungere bwa Ekleziya Katorika, Papa Fransisiko akatari gake, yarerekanya ko yipfuza ko abakundana bahuje ibitsina, bareka gukumirwa. Igihe bamubaza ico yiyumvira ku muce w’abo bantu akija muri ayo mabanga yishuye ati: “Ndi inde kugira ndabacire imanza?”

Forum

XS
SM
MD
LG