Uko wahagera

Muri Sanegali Hakomeje Uruhagarara rwa Politike


Ku murwa mukuru Dakar muri Senegal interinete yasubiriye kwugururwa inyuma y’imisi ibiri yari yarahagaritswe n’abategetsi, bitewe n’uruhagarara rwa politike rudasanzwe ruri mu gihugu.

Ubwo buhinga ngurukanabumenyi bwo guhanana amakuru bwari bwahagaritswe kuva mu gitondo co ku musi wa mbere.

Umushikiranganji ajejwe gutanga amakuru yavuze ko hariko hibonekeza ikwiragizwa ry’amakuru arimwo “urwanko n’imvugo zo kugumura abanyagihugu” zariko zicishwa mu bibanza bitandukanye bihanahanirwako amakuru.

Kuri uwo musi nyene, ni ho abashingamateka batora itegeko ryo gusibisha no kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu yari ategekanijwe kuba mu kwezi kwa kabiri.

Bayungururije kw’itariki rya 15 ry’ukwezi kwa cumi na kabiri, uyu mwaka. Ivyo vyongereje ikiringo c’imisi y’intwaro ya Prezida Macky Sall.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa, AFP, ryatangaje ko iryo tegeko ryateweko urukumu n’abashingamateka bose kiretse abo inzego z’umutekano zirukanye, ntibabasha gushikiriza amajwi yabo.

Iryo tora hamwe n’icuka ryakorwemwo, vyatumye haba abanyagihugu batekerwa n’ubwoba, abandi bihereza amabarabara mu myiyerekano yabereye mu gisagara ca Dakar.

Iryo hagarikwa rya interinete rije rikurikira irindi ryari ryarakozwe mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka uheze.

Forum

XS
SM
MD
LG