Muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo umurwi w’abagwanyi ba ADF baragirizwa kuba bishe abanyagihugu bashika kuri cumi n’umwe mu bigwati biri i Mambasa mu ntara ya Ituri.
Umutegetsi w’igipolisi c’agacimbiri ka Mambasa yabwiye ikinyamakuru c’Abafaransa ko ibiziga vy’abo bantu vyatowe mu bice bitandukanye vyo mw’ishamba ry’ako karere.
Uwo mutegetsi yongeye avuga ko igisirikare ca Kongo kiriko kirahiga abagwanyi bari mu gace ka Irumu, mu turere twa Ituri na Beni, hafi y’intara ya Kivu ya ruguru.
Umwe mu bayobozi b’amashirahamwe yigenga i Mambasa yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa AFP ko abantu 13 bishwe benshi muri bo bakaba bari abarimyi. Ibiziga vyabo vyari bikiri mu mirima yabo.
Ku musi w’Imana, amashirahamwe yigenga yari yavuze ko baharuye ibitero 23 bikekwa kuba vyakozwe na ADF mu kwezi kwa mbere mu karere ka Beni honyene. Muri ivyo bitero bavuga ko hishwe abantu 80.
ADF ni umurwi w’abagwanyi bagizwe ahanini n’Abaganda bo mw’idini rya Islamu, kuva mu mwaka wa 2019. Ni ho batangaje icese ko bakorana n’abagwanyi baharanira reta ya kislamu. (VOA News)
Forum