Uko wahagera

Kenya: Sentare Yagirije 'Pasitoro' Paul Nthenge Kwica Abantu 191


Paul Nthenge Mackenzie wiyise umupasitoro
Paul Nthenge Mackenzie wiyise umupasitoro

Sentare yo muri Kenya yagirije icese umunyakenya Paul Mackenz na bagenzi biwe 29 icaha co kwica abantu 191 aho bari bakoraniye mw’ishamba riri hafi y’ibahari y’Abahinde.

Uwo murongozi wabo yiyise umupasitori, Paul Nthenge Mackenz, yagirizwa kuba yateye akamo abantu amajana n’amajana kabasaba kwisonzesha gushika gupfa kugira babonane ya Yezu.

Ubu amaze kwagirizwa ivyaha biromwo iterabwoba, kugandagura abantu, gukubagura, hamwe no gutoteza abana bakiri bato.

Kuri uno musi wa kabiri itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa, AFP, ryavuze ko Mackenzie n’abagenzi biwe 29 bose bahakanye ivyo vyaha vy’ubwicanyi bw’abo bantu 191.

Mackenz yahagiritswe n’igipolisi mu kwezi kwa kane, inyuma y’aho ibiziga vy’abantu bitowe mw’ishamba rya Shakahola.

Amatohoza ku biziga yerekana ko benshi mu bayoboke babo 429 bitavye Imana, bitewe n’inzara. Vyiboekeje kandi ko abandi, barimwo n’abana, bishwe banizwe canke bakubiswe. (VOA News).

Forum

XS
SM
MD
LG