Uko wahagera

Amerika, Misiri na Katari mu Biganiro ku Gahengwe muri Gaza na Cisjordaniya


Anthony Blinken mu rugendo rwo gushakisha uko amahoro yagaruka muri Gaza na Cisjordaniya
Anthony Blinken mu rugendo rwo gushakisha uko amahoro yagaruka muri Gaza na Cisjordaniya

Umushikiranganji ajejwe imigenderansire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, kuri uyu wa kabiri, yagiranye ibiganiro n'abategetsi b'ibihugu vya Misiri na Katari.

I Kayiro, ku murwa mukuru wa Misiri, Blinken yabonanye na Prezida Abdel Fattah el-Sissi.

Vyari bitegekanijwe ko aja i Doha mu biganiro na Emir ayoboye ico gihugu, Sheikh Tamin bin Hamad Al Thani, hamwe n’umushikiranganji wa mbere waco, Mohammed bin Abdulrahman Al-Thani.

Amerika, Misiri, na Katari vyarafashije mu gikorwa co gutunganya umugambi werekeye agahengwe uriko urihwezwa muri iki gihe.

Uwo mugambi woba urimwo guhagarika ingwano mu kiringo c’indwi zitari nke hamwe no kurekura abo umurwi Hamas wagize imbohe mu ntara ya Gaza.

Umushikiranganji Blinken yabwiye abamenyeshamakuru ko barindiriye ko umurwi Hamas wishura kuri uwo mugambi washikirijwe.

Uwo mutegetsi yavuze ko Misiri na Katari vyaremeye umurwi Hamas kugira wemere ivyo Amerika yavuze ko ari umugambi ukomeye. Kuri we, uwo murwo ni wo ubwawo utegerezwa gufata ingingo ku vyerekeye uwo mugambi.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Antony Blinken, yatanguye urugendo rwiwe ku musi wa mbere muri Arabiya Sawudite.

Muri ico gihugu, Blinken yaraganiye n’umuganwa nyene Ingoma, Mohammed bin Salman, ku murwa mukuru, Riyadh. Abo bategetsi bompi baganiye ukugene bokorera hamwe mu ntumbero yo guhagarika ingwano mu ntara ya Gaza, hamwe no kuraba ukuntu hoba amahoro n’umutekano birama hagatiya Isirayeri n’Abanyapalestina.

Bitegekanijwe kandi ko Blinken agendera Isirayeri n’intara ya Sijordaniya ico gihugu cigaruriye. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG