Igitigiri c’abamaze guta ingo zabo kubera intambara muri Sudani, kiramaze gushika ku miriyoni umunani. Iyi nkuru yatangajwe na ONU kuri uno musi wa gatatu.
Komiseri mukuru uyobora ishami rya ONU rijejwe impunzi kw’isi, Filippo Grandi, ari mu rugendo muri Etiyopiya, yasavye abagiraneza gutanga uburyo bafise mu ntumbero yo kurwanya ico kibazo avuga ko “gikomeye cane”.
Yabwiye abamenyeshamakuru i Addis ababa ko “Intambara igenda ikomera kandi iriko igira ingarauka mbi ku banyagihugu.”
Yongeye agira ati: “Kuva mu kwezi kwa kane kw’umwaka w’2023, nta mwaka urahera, abantu imiriyoni umunani muri Sudani, barataye izabo barangara, kandi umuriyoni umwe n’ibice bitanu bahungiye mu bihugu bitandatu bibanyi vya Sudani.
Intambara muri Sudani yatanguye hagati y’umurwi uyobowe n’umuyobozi mukuru w’igisirikare Abdel Fattah al- Burhan hamwe n’uwahoze ari icegera ciwe, Mohamed Hamdan Daglo, komanda w’igisirikare ciyise Rapid Support Forces (RSF) mu kwezi kwa kane.
Ibiganiro vy’umwumvikano kugira iyo ntambara ihagarare birabandanya inyuma y’aho amasezerano atari make atubahirijwe. (AFP)
Forum