Igirikare c’Uburundi catangaje ko citeguriye intambara yosomborotswa n’u Rwanda.
Umushikiranganji w’ukwivuna abansi mu Burundi aremeza ko igisirikare congereje inguvu n’ibikoresho vy’intambara ku mipaka yose, cane cane iyo co gihugu gihana n’u Rwanda.
Umushikiranganji Alain Tribert Mutabazi yaraye abitangarije I Bujumbura mu gihe yariko ashikiriza ivyo ubushikiranganji arongoye bwaranguye mu gice ca kabiri c’umwaka uheze.
Bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Kirundo baganiriye n’Ijwi rya Amerika, cane cane abegereye umupaka batubwiye ko ibirwanisho bihari bibateye ubwoba. Bavuga ko iruhande y’abasirikare hari n’abasivile benshi bari kumwe na bo.
Abanyagihugu bo ku mitumba ya Munazi na Vyanzo, zone Gatare komine Busoni bagize ati: “Bamwe muri bo turabazi, abandi ntabo tuzi. Harimwo n’abari barasubijwe mu buzima busanzwe bahoze mu gisirikare. Bagendera ku mategeko y’uwutwara igisirikare aha iwacu. Baba ari benshi mw’ijoro”.
Uwundi na we yongeyeko ati: “Baba barikanuye cane baraba neza ko atawusohoka canke ngo umwansi yinjire aha hafi y’iwacu ku mupaka avuye mu Rwanda.”
Igice gicungerewe cane nk’uko amasoko y’Ijwi rya Amerika yabitubwiye ni mu makomine ya Ntega, Bugabira na Busoni. No mu ntara ya Kayanza na Cibitoke ni nk’uko.
Abafise ubwoba cane ni imwe mu miryango yubakanye n’abanyarwanda aho ku mupaka, canke iyifise ababo bubatse hakurwa y’umupaka mu Rwanda. Bamwe ndetse bamenyesha ko hari abahatswe guhunga bava muri ivyo bice, ariko abatware bo hasi bakabahumuriza.
Abanyagihugu begereye ishamba rya Murehe no mu misozi ihanamiye ikiyaga ca Rweru muri komine Busoni intara ya Kirundo, bemeza ko na ho nyene hashizwe ibirwanisho vya gisikare bikomeye ndetse ko hari n’abasirikare benshi.
Ivyo bice vyose ni ibihana urubibe n’akarere ka Bugesera mu ntara y’I Burasirazuba y’u Rwanda.
Umushikiranganji w’ukwivuna abansi Alain Tribert Mutabazi yavuze ko ari mu ntumbero yo gucungera umwansi kandi ko bamwiteguriye kumurwanya.
Amasoko y’Ijwi rya Amerika avuga ko ibintu vyatanguye guhinduka muri izo ntara igihe Uburundi bwugara imipaka, mu ntango z’uku kwezi kwa mbere. Bwari bumaze kwagiriza u Rwanda ko rubitse abarwanyi bacishamwo bakaja gutera muri ico gihugu. Aha, u Rwanda ruvyamirira kure.
Umukuru w’igihugu c’u Rwanda, Paul Kagame mu nama y’igihugu y'umushikirano ihuza inzego zitandukanye za reta harimwo n’iza gisirikare, yatangaje na we mu ndwi iheze ko yiteguye gukingira igihugu ciwe. Paul Kagame, yaragabishije uwohirahira akarengana imbibe z’u Rwanda ko azokwibonerako.
Aha ni inyuma y’aho umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye na we yari amaze kuvugira i Kinshasa ku murwa mukuru wa Kongo ko ashigikiye mugenzi we wa Kongo kurwanya uwo yise "umwansi basangiye ."
Umuhinga muri politike y’akarere k’ibiyaga binini vya Afrika akaba n’umwarimu muri za Kaminuza, harimwo kaminuza nkuru y’u Rwanda, Ismael Buchanan, kuri micro y’Ijwi rya Amerika abona ko umuti w’indyane zadutse hagati y’ivyo bihugu bitatu bisangiye imipaka ari ibiganiro.
Si irya mbere ku mbibe z’Uburundi n’u Rwanda hashirwa ibirwanisho vya rutura. Vyaheruka inyuma y’indyane za politike zo mu mwaka w’I 2015 mu Burundi, aho ico gihugu cagirije u Rwanda ko hari ibitero vyavuye mu Rwanda bigahitana Abarundi mu ntara za Kayanza na Cibitoke.
Forum