Uko wahagera

Abantu 50 Biciwe ku Mupaka Uhuza Sudani Zombi


Abarokotse bahungiye ku kigo kirinzwe n'ingabo za ONU
Abarokotse bahungiye ku kigo kirinzwe n'ingabo za ONU

Abantu barnega 50 barimwo abapfasosni, abana n'abasirikare babiri bajejwe gucungera umutekano b'ishirahamwe ONU barishwe mu bitero vyabereye ku rubibe Sudani yo mu bumanuko ihana na Sudani. Ni bwo bwicanyi bukomeye cane mu bumaze kuba kuva mu mwaka w'i 2021 bivuye ku matati yerekeye urwo rubibe.

Imikangara yitwaje ibirwanisho ituruka muri Reta ya Warrap muri Sudani yo mu bumanuko, ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye, yarakoze ibitero mu ntara bihana urubibe ya Abyei. Intara ya Abyei, itunze ibitoro, iyiborewe hamwe na Sudani yo mu bumanuko na Sudani. Ivyo bihugu vyompi biriyitirira iyo ntara.

Umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru w’iyo ntara, Bulis Koch, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ko abantu 52, barimwo abapfasoni, abana n’abapolisi bishwe mu bitero vyabaye ku musi w’Imana. Abandi 64 barakomeretse. Uwo mushikiranganji Koch yavuze ko Reta y’intara ya Abyei yashizeho umukwabu ubuza abantu gutembera hanze bugorovye bivuye ku mutekano muke urangwa muri iyo ntara.

Umusirikare ajejwe guncugera umutekanso w’ishirahamwe ONU aturuka mu gihugu ca Ghana yarishwe igihe ikambi yarimwo yo mu gisagara ca Agok yaterwa. Mu bundi bwicanyi bwabaye, umusirikare ajejwe gucungera umutekano w’ishirahamwe ONU agira kabiri aturuka muri Pakistani yarishwe, abandi bagenzi biwe 4 n’umusivile barakomereka mu gihe bari batwaye abasivile bakomeretse mu bitaro. William Wol, umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru wa Reta ya Warrap, yatangaje ko reta yiwe izokorera hamwe itohoza na Reta y’intara ya Abyei. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG