Abasirikare batatu ba Amerika baraguye mu gitero c’indege zitagira abadereva, drone, cagabwe ku kirindiro cabo kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Yorodaniya, mu micungararo y’imbibe za Siriya.
Ico gitero cakomerekeyemwo n’imiburiburi abasirikare b’Amerika 25, cagabwe mu mpera z’indwi twaraye dusozereye.
Prezida w’Amerika, Joe Biden, yacegetse ku barwanyi bashigikiwe na Irani bakorera muri Siriya na Iraki.
Imyidondoro y’abasirikare batatu bakiguyemwo, izotangazwa imiryango yabo imaze kumenyeshwa ano makuru. Prezida Biden yabise intwari ziguze igihugu ku rwego rwo hejuru, agirako yemera ko bitebe bitebuke, abagavye ico gitero bazovyishura.
Ikimenyeshamakuru co muri Amerika, The Washington Post, kivuga ko intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu zo muri Iraki, zirimwo ishami rya Hezbollah, Nujabaa n’abandi barwanyi ba Iraki bafashwa na Irani biyitiriye ico gitero.
Umwe mu ndongozi z’abo barwanyi yabwiye, The Washington Post, ko igihe cose Amerika izobandanya gushigikira Isirayeri mu ntambara irimwo na Hamas, batazotinya kugaba ibitero ku nyungu zayo. Uwo mutegetsi abandanya kuvuga ko batitaye na gato ku co Amerika ishobora gukora yihora, bkandi azi neza uburemere bw’inzira bafashe. Yayise inzira y’ubumaratiri.
Abasirikare 3 ba Amerika Baguye mu Gitero Cagabwe kw'Ikambi Yabo muri Yorodaniya
Forum