Burkina Faso, Mali na Nijeri vyavuye mw’ishirahamwe ryo gufashanya mu vy’ubutunzi hagati y’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO.
Abategetsi b’ivyo bihugu vyo mu karere ka Sahel, batangaje ino ngingo uno munsi ku wa Mungu, bavuga ko ibwirizwa kuja mu ngiro ubwo nyene.
Asoma itangazo ryasohowe n'ivyo bihugu bitatu, Koloneli Abdoulaye Maïga avugira reta ya Mali, yagize ati:" CEDEAO irabangamiye abanyamuryango bayo, n’abanyaguhugu b’ibihugu bigize uwo muryango. CEDEAO igendera mu kwaha kw’amakungu. Iri shirahamawe ntiryashoboye kudufasha kurwanya iterabwoba no guhangana n'ikibazo c’umutekano muke! Hakudufasha, n’igihe ibihugu bimwe vyashatse kwifatira mu minwe ibi bibazo, CEDEAO yatubereye intambamyi, ifata ingingo zitari izo kwihanganira, irenzako ifata n’ibihano vy’akarenganyo. CEDEO yarahonyanze amategeko. Kubera ibi vyose, guhera uno munsi, duhisemwo gukinjura.”
Ibihugu vya Burkina Faso, Mali na Nijeri bitwarwa n’abasirikare bashikiriye ubutegetsi biciye muri za kudeta: Iya Nijeri yabaye mu kw’indwi ko mu mwaka uheze, iya Burkina Faso iba mu 2022, iya Mali nayo iba mu 2020.
Inyuma y’izo kudeta, CEDEAO yaciye ihagarika vy’imfatakibanza ivyo bihugu, ica ishira Nijeri na Mali mu bihano vy’ubutunzi biremereye. Ivyo bihugu uko ari bitatu bihanzwe n’ikibazo c’intagondwa z’abajihadiste, gisongerwa isibe n’ubukene.
Forum