Uko wahagera

Bamwe mu Barepublikane Bipfuza Kugena Trump nka Kandida Wabo Bidaciye mu Matora


Ifoto ya Trump na Nikki Haley
Ifoto ya Trump na Nikki Haley

Ubuyobozi bw’umugambwe w’abarepublikane mu ndwi iza burashobora kuzorimbura nimba Donald Trump yahoze ari prezida wa Amerika yokwemezwa burundu nka kandida w’uwo mugambwe mu matora yo mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Donald Trump ariko ahiganira itike y’ubukandida ku ruhande rw’abarepublikane na Nikki Haley yahoze aserukira Amerika muri ONU.

Nikki Haley, aremerewe n’abashigikiye Trump bamusaba ko aheba guhiganira itike yo kwitoreza kuba umukandida w’abarepublikane, ariko yavuze ko azoyirwanira kugera ku gatsi ka nyuma.

Umurepublikane David Bossie, somambike wa Trump, ariko arakwirakwiza mu bari mu burongozi bw’umugambwe w’abarepublikane integuro y’ingingo yo kwemeza Trump nk’umukandida w’uwo mugambwe.

Abicishije ku mbuga ngurukanabumenyi, Donald Trump yavuze ko atipfuza kuba umukandida w’abarepublikane biciye mu kugenwa n’urwego nyobozi rw’umugambwe wiwe.

Ku rubuga rwiwe rwitwa Truth yanditse ati: “ Naho nshimira cane komite ishaka ko ngenwa nk’umukandida w’abarepublikane bitarinze guca mu matora, kugira ngo umugambwe ugume mu bumwe, nibaza ko bokwihoza uyu mugambi. Ivyiza nobandanya inzira yo guhiganira itike. Ariko, ndabashimiye cane ku cubahiro n’ubuyoboke banyeretse”.

Ari nka hamwe abagize inzego nyobozi z’umugambwe w’abarepublikane bokwemeza Trump nk’umukandida w’uwo mugambwe, batarindiriye ibizova mu matora y’ayandi ma reta asigaje gutora, ingingo yabo yohava ituma Nikki Haley ahiganwa na Trump avana akarenge mu guhiganira itike y’abarepublikane: Abagize urwego nyobozi rw’umugambwe w’abarepublikane, ni nabo baraba ivy’amatora y’uwo mugambwe.

Nikki Haley, mukeba wa Trump, igitutu ashirwako ntaco yamara kimubwiye. Itangazo ryasohowe n’abajejwe kumwamamaza ryagize riti: “ Harya ni inde yitaye ku vy’urwego RNC ruvuga? Tuzoreka imiriyoni n’imiriyoni z’abarepublikane bo mu gihugu cose bitorere uwukwiye kubaserukira mu matora ya prezida. Si akarwi k’abantu bake ba Washington babwirizwa gufata ingingo.”

Ari nka hamwe umugambi wo gusaba abagize inzego nyobozi z’abarepublikane gutora Trump wocamwo, ingingo izosohoka yanditseko gutya: “ Urwego nyobozi rw’umugambwe w’abarepublikane, rwemeje Prezida Trump nk’umukandida w’icizere, abereye ibiro vya prezida w’Amerika”

Abagize inzego nyobozi z’abarepublikane mu ndwi iza bazoba bari mu nama yabo ngarukamwaka yo mu gihe c’imbeho. Bitegekanijwe ko muri iyo nama izobera muri Las Vegas, ari ho barimburira uwo mugambi wo kugena Donald Trump nk’umukandida w’abarepublikane.

Forum

XS
SM
MD
LG