Uko wahagera

Amerika Yoba Yari Yaraburiye Irani ko ISIS Izoyigabako Igitero


A man is comforted as he sits beside the body of a loved who was killed in explosions in the city of Kerman, about 820 kilometers southeast of the capital Tehran, Iran, Jan. 3, 2024.
A man is comforted as he sits beside the body of a loved who was killed in explosions in the city of Kerman, about 820 kilometers southeast of the capital Tehran, Iran, Jan. 3, 2024.

Imbere y’uko intagondwa ziyitirira idini rya Isiramu zo muri Afuganistani zigaba igitero cahitanye abantu 95 mu gisagara ca Kerman co muri Irani mu ntango z’uku kwezi, Amerika yari yaraburiye Irani ku vy’ico gitero.

Umutegetsi wa Amerika yashize ahabona ano makuru agasaba ko imyidondoro yiwe idatangazwa, yavuze ko Amerika yaburiye Irani mu kanywababu.

Uwo mutegetsi asigura ko Amerika mu kuburira Irani, yabikoze kubera politike yayo yo kuburira igihugu ico ari co cose ku bibazo vy’umutekano, kandi itipfuza kubona inzirakarengane zirwa mu bitero vy’abagizi ba nabi.

Umutegetsi muri reta y’Amerika ntiyigeze asigura ingene Amerika yabwiye Irani ivy’imyiteguro y’ico gitero kandi ata migenderanire ya Kidiplomasiya iri hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abanyamerika, AP, dukesha ino nkuru, rivuga ko ibinyamakuru vya reta muri Irani bitigeze vyemera ko vy’ukuru Amerika yaburiye Irani, uwuserukira ico gihugu muri ONU nawe ku bwa AP, yanse kugira ico avuze kuri ano makuru.

Ubusesanguzi bw’ikigo citwa CSIS, mu vyo kijejwe harimwo ukurimbura politike y’Amerika mu makungu, buvuga ko Amerika mu kuburira Irani ishobora kuba yahisemwo kwirengagiza ibitero ico gihugu kimaze igihe kigaba ku nyungu zayo mu makungu, kugira yugurure inzira z’ibiganiro. Igitero ca ISIS Amerika yoba yaraburiye Irani, cabaye igenekerezo rya 3 uku kwezi kwa mbere.

Forum

XS
SM
MD
LG