Irani itangaza ko yiteguriye gufasha Nijeri kurengera ingaruka z’ibihano yafatiwe n’amakungu kubera itembagazwa ry’ubutegetsi.
Mu nama icegera ca mbere c’umukuru wa Irani, Mohammad Mokhber, yagiranye n’umushikiranganji wa mbere wa Nijeri, Ali Mahaman Lamine Zeine, yamubwiye ko Irani itera ivyatsi “ibihano bigayitse abatwaza igitugu bafatiye Nijeri”, aca yongerako ati: “ Nta nkeka, tuzobasangiza ubumenyi n’uburambe dufise kuri iki kibazo.”
Irani iri mu bihano biremereye vy’amakungu arimwo Amerika kuva mu 1979. Bimwe muri ivyo bihano ariko, hari aho muri kahise yakoresha urwenge ikabizunguruka.
Nijeri, yashizwe mu bihano biremereye vy’ubutunzi inyuma y’ihirikwa ry’ubutegetsi bwa Prezida Mohamed Bazoum mu kwezi kwa ndwi ko mu 2023.
Visi prezida wa Irani, yakeje Nijeri ayibwira ko yashinze reta yigenga. Umushikiranganji wa mbere wa Nijeri yaciye asubiza ati: “ Nijeri iranyotewe kunagura imigenderanire na Irani. Imigenderanire yacu yari imaze igihe igoyagoya.”
Abo bategetsi babiri, baciye basinya amasezerano yo gufashanya mu bisata bitandukanye, birimwo ivy’umuyagankuba, amagara y’abantu n’ubudandaji. Amasezerano yasinyiwe I Tehran ku murwa mukuru wa Irani aho bahuriye.
Umushikiranganji wa mbere wa Njeri, imbere yo kugendera Irani yari yaciye I Moscow mu Burusiya, aho indongozi z’ico gihugu zamwijeje kugwiza imfashanyo mu vya gisirikare.
Itororokanirizon ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, risesangura rivuga ko kimwe n’Uburusiya na Turukiya, Irani yakumiriwe n’ibihugu birimwo ivyo mu burengero, iriko irondera ingene yunga ubucuti n’ibihugu vyo muri Afurika.
Mu mezi aheze, indongozi za Irani zumvikanye zivuga ko zishigikiye abahiritse ubutegetsi muri Mali, Burkina Faso na Nijeri.
Mu kwezi kw’icenda ko mu 2023, Prezida wa Irani, Ebrahim Raisi, yaragendeye Kenya, Uganda na Zimbabwe.
Forum