Uko wahagera

Jacob Zuma Yahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo Ashigikiwe ku Rugero Rungana Gute?


Jacob Zuma yahoze ari prezida wa Afurika y'Epfo
Jacob Zuma yahoze ari prezida wa Afurika y'Epfo

Muri Afurika y’Epfo, umunyagihugu umwe kuri batatu aracashigikiye Jacob Zuma yahoze ari prezida w’ico gihugu.

Ikigo, Think tank, gikora amatohoza ku vy’intwaro ibereye muri Afurika y’epfo gitanga ivyo biharuro, kivuga ko mu matohoza giheruka gukora, casanze ibice 28 % vy’abanyagihugu 1400 cabajije mu gihugu cose, biyumvira neza Jacob Zuma.

Amatora rusangi muri Afurika y’epfo ategekanijwe hagati y’ukwezi kwa gatanu n’ukwa munani. Mu gihe amatariki azoberako ataratangazwa, abasesanguzi bemeza ko umugambwe ANC umaze igihe ku butegetsi ushobora gutakaza ibibanza vyinshi mu nama nshingamateka.

Bikaramuka bigenze uko, azoba ari ubwa mbere mu mateka uwo mugambwe washinzwe na Nelson Mandela, utaronse ibibanza vyinshi mu nama nshingamateka.

Mu kwezi guheze, Jacob Zuma w’imyaka 81 yasavye abanyagihugu kuzoha amajwi urunani ruheruka kuvuka rwitwa, Umkhonto We Sizwe. Ubu busabe bwa Zuma, bwaje bwiyongera mu bindi bibazo vyinshi umugambwe ANC uhanganye navyo, muri vyo harimwo ibiturire, n’uburongozi bubi wagirizwa.

Jacob Zuma naho yasavye abanyagihugu gutora urwo runani, yemeza ko azoha amajwi, aracari mu mugambwe wa ANC.

Afatwa nk’umwe mu nararibonye n’ibicocoro vy’uwo mugambwe.

Forum

XS
SM
MD
LG