Uko wahagera

USA: Amareta 9 Atwarwa n'Abademokrate Asaba Reta Guhagurukira Ikibazo c'Abimukira

Bamwe mu bimukira bagerageza kwinjira ku butaka bw'Amerika
Bamwe mu bimukira bagerageza kwinjira ku butaka bw'Amerika

Ba buramatari 9 b’abademokrate basaba reta y’Amerika guhangana n’ikibazo c’abimukira. Mw’ikete abakuru b’amareta 9 ari mu mihingo itandukanye y’Amerika bandikiye prezida Joe Biden, kopi bakayirungikira abatwara umurwi w’abarepublikane n’abademokrate mu nama nshingamateka y’Amerika, bavuze ko hageze ko hafatwa ingingo zishigikira amareta asa nk’ayariko ararengerwa n’ubwinshi bw’abimukira.

Iryo kete risaba indongozi z’Amerika gufata ingingo zifatika, na cane cane ku ruhande rwo ku mipaka y’amajepfo y’Amerika.

Aba buramatari banditse iryo kete, barimwo uwo muri Arizona, Califoniya, New Mexico, amareta atatu yo mu bumanuko bw’Amerika. Buramatari wa reta ya Texas ihana urubibe rurerure na Mexike na we nyene ari mu basinye iryo kete. Texas imaze igihe kirekire isaba ubufasha kuri iki kibazo.

Abandi mu bashize igikumu kuri iryo kete bari kure y’imipaka y’ubumanuko bw’Amerika: Abo ni nk’umukuru wa reta ya Marlyland yegeranye n’umurwa mukuru Washington DC, uwa Colorado, Illinois, Massachusetts, New Jersey na New York. Aba, bavuze ko ikibazo c’abimukira gikora ku gihugu cose.

Ikete ry’abakuru b’ayo mareta risohotse mu gihe bamwe mu bashingamateka bemeza ko abarepublikane n’abademokrate bari mu nzira yo gushika ku masezerano, azoba arimwo imikenyuro ituma abimukira binjira ku butaka bwa Amerika binyuranye n’amategeko bagabanuka, bamwe mu bamaze gushika ku butaka bw’Amerika bagasubizwa inyuma.

Aba republikane basaba ivy’ayo mategeko, bemerera abademokrate guca babafasha nabo, hakaboneka imiriyaridi 60 z’amadorali ibiro vya Amerika vyipfuza gufashisha Ukraine mu ntambara irimwo n’Uburusiya.

Abajejwe imbibe bemeje ko mu kwezi kwa cumi na kabiri konyene, abagera ku bihumbi 300 ari bo binjiye ku butaka bwa Amerika biciye mu nzira zinyuranye n’amategeko.

Forum

XS
SM
MD
LG