Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri Amerika, Lloyd Austin, ejo ku wa kabiri yaragiye ahabona ku ncuro ya mbere kuva ava mu bitaro.
Austin yabonetse mu nama y’ivyimfashanyo za gisirikare Ukraine ikene. Iyo nama Austin yayikoreye ku muhana iwe, biciye ku buhinga bwa none.
Mw’ijambo ryiwe, yaririnze kugira ico avuga ku ngingo iyo ari yo yose yotuma agira ico avuze ku vyerekeye amagara yiwe.
Austin wimyaka 70, yinjiye ibitaro agiye kwivuza kanseri ya prostate. Yivurije mu bitaro bikuru vya gisirikare vyitwa, Walter Reed National Military Medical Center, biri muri reta ya Maryland ifatanye n’umurwa mukuru, Washington DC.
Yinjiye ibitaro mw’ibanga rikomeye, igenekerezo rya 22 ukwezi kwa cumi na kabiri ko mu mwaka uheze wa 2023. Abashingamateka batandukanye baranebaguye ko Austin atihutiye kubwira prezida w’Amerika, Joe Biden, ko arwaye.
Amakuru y’uko Austin arwaye yagiye ahabona inyuma y’iminsi ine ari mu bitaro. Ibiro bikuru vya gisirikare, Pentagon, vyirinze kugira vyinshi bivuga ku catumye Austin yinjira ibitaro yavuyemwo itariki ya cenda uku kwezi kwa mbere.
Forum