Kuri uyu wa mbere, Kameruni yabaye igihugu cya mbere kw'isi gitangiye guha abana urukingo rwa malariya ku buryo buhoraho. OMS, ishami ry'Umuryango w'Abibumbye ryita ku buzima, ivuga ko ruzarengera ubuzima bw'abana ibihumbi n'ibihumbi muri Afrika.
Mu bantu barwara malariya kw’isi buri mwaka, 95% irabahitana, bagapfa. Barimo byibura abana 500,000 batarengeje imyaka itanu y’ubukure muri Afrika honyine gusa.
OMS imaze imyaka 40 ishakisha urukingo rw’abana. Hashize imyaka ibiri ihaye umugisha urwiswe RTS,S, rukorwa na sosiyete GlaxoSmithKline (GSK) yo mu Bwongereza. Rwari rumaze igihe rugeragezwa muri Kameruni, Ghana na Kenya, none Kameruni ifashe iya mbere kurutanga ku buryo busanzwe buri munsi bitari igeragezwa.
Ruzagera no mu bindi bihugu 19 muri uyu mwaka, ku buryo umwaka utaha w’2025 uzarangira abana babyo barenga miliyoni esheshatu n’igice bazaba barubonye. Kugirango rukore neza, buri mwana agomba gufata dose eshatu. Ntibikuraho kandi kwirinda malariya mu bundi buryo busanzwe, nko gukoresha inzitiramibu iteyemo umuti.
era ko urukingo RTS,S rutihagije, OMS irimo irakorana na kaminuza Oxford yo mu Bwongereza ku rundi rwa kabiri rwitwa R21. Rurimo rurageragezwa mu bihugu nka Ghana na Burkina Faso. Rushobora kuzatangira gukoreshwa mu kwezi kwa gatanu cyangwa kwa gatandatu muri uyu mwaka.
Uretse urukingo rw’abana, mu mwaka ushize OMS yemereye urukingo rwa malariya rwa mbere na mbere ku bantu bakuru mu bihugu 12 by’Afrika. (Reuters, AP)
Forum