Ikigega mpuzamakungu c'amafranga, FMI, cahaye igihugu ca Kenya ingurane nshasha irenga amadolari imiliyoni 941 agenewe gufasha kwongereza amafaranga ico gihugu gikoresha.
Kenya irahanganye n’ibibazo bitari bike vy’ubutunzi birimwo amadeni akomeye igihugu gifitiye abanyamahanga bagihaye ingurane, ubuzima butera buzimba n’ifaranga ry’igihugu ryataye agaciro bikomeye.
Ikigega FMI, ku musi wa gatatu, caratangaje ko urwego nshingwabikorwa rwaco rwemeje ingurane y’imiliyoni 941, n’ibihumbi 200 y’amadolari. Bitegekanijwe ko imiliyoni 624 n’ibihumbi 500 y’amadolari muri yo aca atangwa buno nyene.
Ikigega FMI, gifise icicaro i Washington DC, catangaje ko vyitezwe ko ubutunzi bwa Kenya bwiyongera ku rugero rugera ku bice 5 kw’ijana muri uyu mwaka, ruvuye kuri 5.1 kw’ijana mu mwaka urangiye w’i 2023.
Antoinette Sayeh, icegera c’umuyobozi w’ikigega FMI, yatangaje ko amasezerano FMI yagiraniye na Reta ya Kenya, azobandanya gufasha utwigoro tw’abategetsi b’ico gihugu two kunagura ubutunzi, hamwe no gutunganya neza inzego zikomeye zaco.
Prezida wa Kenya, William Ruto, mu kwezi kw’icumi na rimwe, mu mwaka urangiye w’i 2023, yaratangaje imigambi itari mike yo kugarukira ubutunzi bw’igihugu ciwe. Iyo migambi irimwo kuduza amatagisi yari ahasanzwe no gushiraho amashasha kugira vyongereze amafaranga yinjira mu kigega ca reta. (AFRICANEWS)
Forum