Igisirikare c'u Rwanda catangaje ko carashe umusirikare w'umunyekongo, congera gihagarika abandi babiri inyuma y'uko bajabutse urubibe mu gitondo co kuri uyu wa gatanu. Ni mu gihe hari icuka kibi kubera ubwicanyi n'uruhagarara birangwa mu buseruko bwa Republika ya demokrasi ya Kongo.
Igisirikare c’u Rwanda catangaje ko abo basirikare batatu b’abanyekongo binjiye mu karere ka Rubavu ku butaka bw’u Rwanda baturutse muri Kongo.
Akarere ka Rubavu gahana urubibe n’igisagara ca Goma muri Kongo. Igisirikare c’u Rwanda cavuzeko binjiye mu karere ka Rubavu hafi y’isaha indwi n’iminuta 10 zo mw’ijoro ryashiriye kuri uyu wa kabiri.
Camenyesheje ko abo basirikare ba Reta ya Kongo bari bafise inkoho imwe yo mu bwoko bwa AK-47, na chargeurs zine zirimwo insoro 105. Umusirikare agira gatatu yishwe arashwe. Mw’itangazo cakoze, igisirikare c’u Rwanda cavuze ko ata numwe ku ruhande rw’u Rwanda yakomeretse.
Amakuru y’umwe mu bajejwe umutekano muri Kongo,atashatse ko izina ryiwe rimenyekna, yaba yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bufransa, AFP, ivyatangajwe n’igisirikare kuri abo banyekongo ari iy’ukuri, yamara ko batazi niba abo basirikare bari aba Wazalendo canke FARDC. Icuka kibi kibandanya kwigaragaza hagati ya Reta y’u Rwanda n’iya Repubulika ya demokrasi ya Kongo.
Ijwi ry’Amerika twagerageje kuvugana n’umuvugizi w’ingabo z’u Rwanda ndetse n’uwungirije umuvugizi wa guverinoma ngo twumve ko hari ibindi bisobanuro birenzeho baduha. Nta n’umwe muri bombi witabye telefoni zacu. (AFP)
Forum