Uko wahagera

Umwuka Utari Mwiza Hagati y'Ubushinwa na Tayiwani

Amafoto yo mu myiyamamazo
Amafoto yo mu myiyamamazo

Igisirikare c’Ubushinwa catangaje ko kiri magabo umwanya uwo ari wo wose kandi ko kizofata ingingo zose zikenewe guhana ivy’akarorero utwigoro utwari two twose twa Tayiwani two kurondera kwikukira.

Ni umusi umwe imbere y'uko amatora akomeye aba kuri iryo zinga Ubushinwa buvuga ko ribwegukira.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Ubushinwa, Zhang Xiaogang ni we kuri uyu wa gatanu yagirije umugambwe uri ku butegetsi muri Tayiwani ko uriko urondera gutuma iryo zinga rija mu ntambara mu kugura ibirwanisho muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Amakungu ariko arakwirikiranira hafi amatora azoba kuri uyu wa gatandatu muri Tayiwani mu gihe iryo zinga rihanganye n’igihugu c’Ubushinwa inguvu zaryo zitera zikomera kurushiriza.

Mu myaka ya vuba, Ubushinwa bwararungitse ubwato bwabwo bw’ingwano n’indege mu micungararo y’izinga rya Tayiwani, izinga rifise abantu abantu imiliyoni 23.

Iryo zinga riri ku bilometero 180 umuntu avuye ku butaka bw’Ubushinwa. Reta y’Ubushinwa yaratangaje ko buzosubira kwigarurira iryo zinga umusi uri izina.

Forum

XS
SM
MD
LG