Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, kuri uyu wa gatatu, yaganiye na Prezida wa Palestina, Mahmoud Abbas, ku bijanye no gutunganya neza inzego z'ubutegetsi. Inama yabo yabereye mu ntara ya Cisjordaniya.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Matthew Miller, yatangaje ko Blinken yasubiye gutangaza ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishigikiye intambwe ziboneka mu ntumbero yo gushiraho Reta ya Palestina ihana urubibe na Reta ya Israyeri. Yavuze ko Amerika ishigikiye ko ayo ma reta yompi abana mu mahoro n’umutekno.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Antony Blinken, yasavye kandi Israyeri guha ubutegetsi bw’Abanyapalestina amatagisi yose itoza ku Banyapalestina hisunzwe amasezerano ahari muri iki gihe. Blinken yatangaje ko Israyeri kugira yizigirwe n’ibihugu bibanyi vy’Abarabu ikwiriye kworohereza ishigwaho rya Reta ya Pelestina mu ntumbero yo gutorera inyishu intambara hagati y’ico gihugu n’Abanyapalestina imaze ikiringo kirekire.
Antony Blinken, ku musi wa kabiri, yaratangaje ko Abanyapalestina bavuye mu vyabo bategerezwa kugaruka mu ngo zabo mu buryo bwihuta bushoboka. Israyeri yaremeye kurekurira ishirahamwe mpuzamakungu ONU kwiheza uko ibintu vyifashe mu buraruko bw’intara ya Gaza yasinzikajwe n’intambara. (VOANEWS)
Forum