Zambiya yasohoye itegeko riha abanyagihugu uburenganzira bwo kuronswa amakuru ajanye n’ingene reta ikora. Iryo tegeko rishasha ritegekanya ko buri munyagihugu wese ashobora gusaba reta amakuru yerekeye igisata icari co cose c’ubuzima bw’igihugu.
Urunani rw’amashirahamwe ya sosiyete sivile aharanira uburenganzira bw’abanyagihugu bwo kuronswa amakuru, rwashinzwe mu mwaka wa 2011. Rwashinzwe mu nzinra yo gusaba ko haba amategeko nk’ayo yo gukorera ku mugaragaro kandi reta ya Zambiya igashobora kubazwa, ibi na biriya.
Grant Tungay umuvugizi w’urwo runani avuga ko iryo tegeko ririmwo utunenge, ariko ko ari intambwe ya mbere mu nzira nzinza. Agira ati: “Iri tegeko rigiye kudufasha gutangura gukorera ibintu mu muco no gushira ibintu ahabona. Yamara ivyo bizofata imyaka itari mike kugira bije mu ngiro. Ariko reka dutangure gukorera ku vyiza biri muri iryo tegeko naho ririmwo uduhaze. Ariko kandi dutegerezwa kugira aho duhereye harimwo no gukangurira abantu kumenya ko reta igiye gutangura gukorera mu muco.”
Iryo tegeko rishasha rifise intumbero yo guha abanyagihugu uburenganzira bwo kuronswa amakuru, nk’uko bitegekanijwe mw’ itegeko rya ONU rijejwe kurwanya ruswa hamwe no mw’itegeko ry’umugabane wa Afrika rijejwe agateka ka muntu.
Forum