Bulamatari w'intara ya Katanga, muri Republia iharanira demokrasi ya Kongo, kuri uyu wa mbere yategetse abajejwe umutekano kuva ku rugo rw'umunyapolitike akomeye atavuga rumwe na reta, Moise Katumbi.
Bari bakikuje urugo rwiwe mu buryo buteye kubiri n’amategeko nk’uko Jacques Kyabula, Burmatari wa Katanga yabivuze. Umuvugizi wa Katumbi yatangaje mu masaha ya kare ko inteko zijejwe umutekano zari zakikuje inzu yiwe mu ntara ya Katanga, aho aba, zikaba zari zamubujije kuhava.
Bulamatari wa Katanga, Jacques Kyabula Katwe yiyamirije ingingo y’izo nteko zijejwe umutekano. Yavuze ko ari amakosa yakozwe na bamwe mu bajejwe kwubahiriza amategeko. Yavuze kandiko bari bajejwe gukingira iyo nyubakwa kugira ntihagire abagizi ba nabi bayisambura.
Mu butumwa ku rubuga X, Kyabula Katwe yatangaje ko yatangaje amategeko yihutirwa yo kuvanaho bariyere yari yashizweho yari yashinzwe. Yavuze ko vyaciye bikorwa bidatevye. Katumbi yarangije mu kibanza ca kabiri n’ibice 18 kw’ijana vy’amajwi mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka kuba muri Kongo.
Yari mu banyapolitike bakomeye batari bake bahiganywe mu matora, bashingishije imanza mu ma sentare zo guhana ivyavuye vyavuye mu matora. Moise Katumbi yifatanije n’abandi banyapolitike batavuga rumwe na reta mu gusaba ko amatora afutwa, no mu kuvuga ko yabayemwo ubusuma bukomeye.
Mw’itangazo yashikirije ku musi w’Imana, Katumbi yasavye amakungu kutemera ibiharuro vya mbere vyavuye mu matora aheruka kuba, vyashikirijwe n’urwego rw’igihugu rujejwe gutegura amatora. (REUTERS)
Forum