Nijeri yahimbaje umusi mukuru w’ubumwe ibicishije mu mukino w’ihiganwa udasanzwe wo kunagana riba kira mwaka mu gisagara ca Agadez mu buraruko bw’igihugu.
Iryo higanwa ribaye irigira 44 ku rwego rw’igihugu. Icivuga c’uyu mwaka cari “Gukingira igihugu”. Umushikiranganji wa mbere yari yagendewe na bagenzi biwe bo muri Mali na Burkina Faso, baje kurorera iyo mikino. Ivyo bihugu bibanyi bikaba navyo nyene biyobowe n’abasirikare.
Ivyo bibaye ukwo inyuma y’umwaka waranzwe n’uruhagarara n’itembagazwa ry’ubutegetsi ryakozwe n’abasirikare kw’itariki 26 y’ukwezi kw’indwi.
Imisi mike inyuma y’iyo kudeta, umuryango w’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika bicuditse mu butunzi EOWAS, waciye ugabisha ko ushobora gukoresha inteko zawo mu kugarura intwaro ya demokarasi yari iyobowe na Prezida Mohamed Bazoum.
Uwo muryango warongeye ufatira ibihano bikomeye Nijeri isanzwe ifise bamwe mu banyagihugu bakenye kw’isi, naho ico gihugu gifise ubutunzi cimeza bukomeye.
Yamara, mu kiringo c’imisi cumi, ivyo bibazo vyose biribagigwa. Amaso yose aba ahanze abakinyi b’ubuhinga bwo kunagana. Ayo mahiganwa ku rwego rw’igihugu abaye ayagira 44. (VOA News)
Nijeri Yahimbaje Umunsi w'Ubumwe Biciye mu Mikino yo Kunagana

Forum