Reta mfatakibanza ya Chad yagenye umunyapolitike atavuga rumwe na reta, Succes Masra, aherutse gutahuka avuye mu buhungiro, kuba umushikiranganji wa mbere wayo.
Umunyamabanga mukuru mu biro vya Prezida ni we yatangaje iyo nkuru kuri televiziyo ya reta.
Igenwa rya Succes Masra rishobora kubonwa nk’ingingo y’abategetsi b’abasirikare bayoboye Cadi yo guhwamika abatavuga rumwe na reta. Mu mpera z’ukwezi kw’icumi, Reta yarateye igikumu ku masezerano yamwemerera kugaruka mu gihugu ciwe.
Succes Masra azorangura ayo mabanga mu kiringo mfatakibanza kizoshikana ku ntwaro y’igisivile. Masra, ayoboye umugambwe utavuga rumwe na reta “Les Transformateurs” yahunze Cadi mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2022.
Reta y’igisirikare y’ico gihe yarahagaritse imirimo y’umugambwe wiwe n’iyindi migambwe 6. Hari mu gikorwa co gukandamiza abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ingingo ya Prezida w’imfatakibanza, Mahamat Idriss Deby yo kwongereza imyaka ibiri ikiringo ciwe ku butegetsi.
Prezida Mahamat Idriss Deby yashikiye amabanga y’umukuru w’igihugu inyuma y’uko se wiwe, Idriss Deby Itno apfuye mu kwezi kwa kane mu mwaka w’i 2021.
Abatavuga rumwe na reta batangaje ko ugushikira ubutegetsi kwa Mahamat Idriss Deby yari kudeta. Yamara mu nyuma yaho baramwemeye nk’umutegetsi mfatakibanza mu kiringo c’amezi 18.
Forum