Uko wahagera

Uburusiya Bwiteguye Kongereza Ibitero Muri Ukraine


Ukraine yakoze igitero mu gisagara cya Belgorod
Ukraine yakoze igitero mu gisagara cya Belgorod

Prezida w'Uburusiya, Vladidmir Putin, kuri uyu wa mbere, yatangaje ko igihugu ciwe kizokwongereza ibitero vyaco mu bibanza vya gisirikare muri Ukraine.

Ni inyuma y'uko Ukraine ikoze igitero gikomeye cane mu mpera z'indwi irangiye mu gisagara ca Belgorod mu Burusiya.

Yavuze ko ata caka cakozwe ku basivile kizokwijana. Yabitangaje igihe yariko agendera ibitaro vy’igisirikare mu gisagara ca Belgorod.

Putin yatangaje ko Uburusiya buzobandanya gukora ibitero mu bibanza vya gisirikare muri Ukraine. Yamenyesheje ko ari vyo bariko bakora muri iki gihe, kandi ko bazobandanya babigenza mu bitero Uburusiya bumaze ikiringo kigera ku myaka ibiri bubigenza.

Ivyo Prezida Putin yabitangaje mu gihe Ukraine yavuze ko Uburusiya bwakoze ibitero bitari bike vy’utudege tutagira abadereva bita drone ku butaka bwayo ku musi w’impera z’umwaka.

Putin yavuze ko igitero Ukraine yakoze mu gisagara ca Belgorod ari igikorwa c’iterabwoba.

Igitero gikomeye Ukraine yakoze ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye mu gisagara ca Belgorod cahitanye abantu 24, abandi barenga 100 barakomereka. Ico gitero cabaye inyuma y’uko Uburusiya bukoze ibitero bikomeye mu bisagara bitari bike vya Ukraine.

Forum

XS
SM
MD
LG