Uko wahagera

Abayobozi ba Hamas mu Rugendo muri Misiri


Ismail Haniyeh ari mu ndongozi za Hamas
Ismail Haniyeh ari mu ndongozi za Hamas

Abaserukira umurwi Hamas, kuri uyu wa gatanu, baritezwe mu gihugu ca Misiri, aho bitegekanijwe ko bihweza umugambi w'amahoro ufise intumbero yo guhagarika ingwano hagati ya Israyeri na Hamas washikirijwe na Misiri.

Uyo mugambi washikirijwe n’igihugu ca Misiri usaba irekurwa ry’abagizwe imbohe n’umurwi Hamas kw’italiki 7 y’ukwezi kw’icumi kw’uyu mwaka, hamwe n’irekurwa ry’abanyororo b’Abanyapalestina bari mu minwe ya Israyeri.

Uwo mugambi usaba kandi kwubahiriza amasezerano yohagarika ingwano hamwe no gushiraho Reta y’Abanyapalestina yoyobora intara ya Gaza mu gihe c’inyuma y’ingwano.

Umurwi Hamas n’umurwi Islamic Jihad vyarashoboye kuronka ivyanditse muri uwo mugambi w’amahoro mu ndwi iheze. Islamic Jihad ni uyundi murwi urwanya Israyeri.

Muri iki gihe kandi, igisirikare ca Israyeri cabandanije ibitero vy’indege z’ingwano n’ivy’inteko zirwanira ku butaka, ku murwi Hamas mu buraruko, hagati no mu bumanuko bw’intara ya Gaza kuri uyu wa gatanu.

Israyeri, mw’ijoro ryashiriye kuri uyu wa gatanu, yakoze ibitero vy’amabombe mu makambi y’impunzi na Nuseirat na Maghazi mu gice kiri hagati mu ntara ya Gaza. Ingwano ikomeye yabereye kandi mw’ikambi y’impunzi y’ahitwa Bureij. Ingwano ikomeye irabandanya kandi mu gisagara ca Khan Younis, kiri mu bumanuko bwa Gaza.

Ibiro vy’ishirahamwe ONU bijejwe gutabara vyaragabishije ko ukwiyongera kw’ingwano mu ntara ya Gaza, uburyo bwo guhanahana amakuru buguma bucika, amabarabara azibiye n’ibura ry’ibitoro bigeramiye bikomeye ibikorwa vyo gutabara abanyagihugu baba muri Gaza. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG