Uko wahagera

Ubufaransa n'Ubuhindi Vuba Biruzuza Imyaka 25 yo Gufashanya mu vya Gisirikare


Prezida w'Ubufransa, Emmanuel Macron azoyobora mu kwezi kwa mbere kw'umwaka buca utangura w'i 2024, iborori vyo guhimbaza umusi ibwirizwa shingiro ry'igihugu c'Ubuhindi ryashirwa mu ngiro, kw'italiki 26 y'ukwezi kwa mbere mu mwaka w'i 1950.

Macron azohimbaza kandi imyaka 25 izoba irangiye Ubufransa bugiranye imigenderanire ikomeye mu vya gisirikare n'Ubuhindi. Urwo rugendo rutegekanijwe mu Buhindi mu kwezi kuza.

Abategetsi b’Ubuhindi batumiye Prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron, muri ivyo birori, inyuma y’uko Prezida wa Amerika, Joe Biden atakiriye ubutumire bwo kuba umushitsi w’iteka mu birori vy’urugendo ruzoba kw’italiki 26 y’ukwezi kwa mbere kw’umwaka buca utangura, ku murwa mukuru, New Delhi.

Prezida Macron, azoba abaye umukuru w’igihugu agira 6 azoba yitavye urwo rugendo rwo guhimbaza uyo musi mukuru wa gisirikare, rukomeye cane rwaama ruba uko umwaka utashe kuva mu mwaka w’i 1976.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi, Narendra Modi asubirije mu nkoko Prezida Macron, inyuma y’uko amutumiye mu birori vy’urugndo nk’urwo rwagisirikare rw’umusi witiriwe Bastille kw’italiki 14 y’ukwezi kw’indwi.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubuhindi bwatangaje ko Ubuhindi n’Ubufransa bikorana ku bibazo bikomeye vyerekeye akarere, ico mgihugu kirimwo n’amakungu.

Buzoba bubaye ubugira kabiri, Prezida Macron abonanye n’umuhsikiranganji wa mbere w’Ubuhindi, Narendra Modi, kuva mu kwezi kw’icenda kw’uyu mwaka.

Ico gihe abo bategetsi bompi baremeye gukomeza kurushiriza imigenderanire hagati y’ibihugu vyabo. Hari mu biganiro bagiranye ku ruhande rw’inama y’umurwi G-20 ugizwe n’ibihugu bitunze kurusha ibindi kw’isi n’ibiriko biratera imbere mu vy’ubutunzi, yabereye ku murwa mukuru w’Ubuhindi, New Delhi. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG