Uburusiya bwakoze ibitero bitari bike muri Ukraine bukoresheje utudege 46 tutagira abadereva bita drone, mw'ijoro ryashiriye kuri uyu wa gatatu. Igisirikare ca Ukraine catangaje iyo nkuru kuri uyu wa gatatu.
Igisirikare kirwanira mu kirere ca Ukraine catangaje ko casambuye drone 32 kuri 46 zakoreshejwe muri ivyo bitero. Izitari nke muri zo zarashoboye guturikira mu bice birimwo ibirindiro vy’inteko za Ukraine, cane cane mu ntara ya Kherson.
Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati wa Ukraine, Ihor Klymenko, yavuze ko ibitero vya muzinga Uburusiya bwakoze ku muhingamo wo ku musi wa kabiri vyasambuye ikibanza abantu bafatiramwo amatereni mu ntara ya Kherson. Ni mu gihe bari barindiye itereni ibakura muri ico kibanza. Klymenko yavuze ko ivyo bitero vya muzinga vyahitanye umupolisi vyongera bikomeretsa abandi bantu 4.
Ivyo bitero vy’Uburusiya vyakwirikiye igitero ca misile Ukraine yakoze ku musi wa kabiri ku bwato bw’ingwano bw’Uburusiya mu ntara ya Krimeya. Igisirikare kirwanira mu kirere ca Ukraine catangaje ko cakoresheje misile zirasa kure.
Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya bwamenyesheje ko igitero Ukraine yakoze cononye ubwato bwitwa Novocherkassk mu kibanza bwarimwo citwa Feodosia. Sergei Aksyonov, Bulamatari w’intara ya Krimeya yashizweho n’Uburusiya, yatangaje, mu butumwa kuri Telegram, ko igitero Ukraine yakoze cahitanye umuntu umwe, gikomeretsa abandi 2. (VOANEWS)
Forum