Uko wahagera

Burundi: Abantu 20 Baheruka Kwicwa n'Abitwaje Ibirwanisho Bashinguwe


GATUMBA
GATUMBA

Kuri uno wa kabiri ni ho abantu 20 bagandaguwe n’umugwi witwaje ibiganwanisho kw’igenekerezo rya 22 za kuno kwezi i Vugizo muri zone Gatumba, komine Gatumba intara ya Bujumbura, mu burengero bw’Uburundi, bashinguranwa iteka.

Ico gikorwa cashigikiwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ari kumwe n’abandi banyacubahiro. Ba nyakwigendera bashinguwe i Vugizo, ku mupaka Uburundi buhana na Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo.

20 bagandaguwe ni abo mu ngo 9. Bagizwe ahanini n’abana n’abagore nk’uko vyashikirijwe n’umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi, Jérôme Niyonzima.

Mu nkuka y’imisa yasomwe n’icegera c’umwungere mukuru wa Diyosezi Katolika ya Bujumbura, Antoine Ruberinyange, yagarutse ku ma bwirizwa y’Imana aho yamenyesheje ko kwica ari ikizira.

Ruberinyange yamenyesheje abakirisu ko gukoresha inguvu harimwo no kwica atari vyo bishikana abantu ku butegetsi. Ni mu gihe umugwi Red Tabara, ugwanya reta y’Uburundi wemanze ko ari wo wakoze ico gitero naho wowo umenyesha ko wishe abasirikare icenda.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Martin Niteretse, Buramatari wa Bujumbura hamwe n’abashingamateka batowe mu ntara ya Bujumbura, bari bishikiye ahashinguwe abo bantu.

Umushikiranganji Ninteretse yamenyesheje ko abishe abo bantu ata mitima bagira ari umugwi w’iterabwoba. Martin Ninteretse yavuye aho mu Gatumba yemereye abanyagihugu ko abakoze iryo bara bazoshengezwa imbere y’ubutungane.

Abanyagihugu b’aho mu Gatumba basavye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu kubaronsa ibindi birindiro vy’abajejwe umutekano kuko n’ubu ngo bafise ubwoba ko bazongera bagaterwa, atagikozwe.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Desire Hatungimana.

Burundi: Ababuriye Ababo mu Gitero co mu Gatumba Basaba Ubutungane
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:39 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG