Uko wahagera

Abakekwa Kuba Aborozi Bishe Abagera ku 140 muri Nijeriya


Abantu bashika kw’ijana na mirongo ine baheruka kwicwa n’abikekwa kuba ari abungere, mu bitero bimaze imisi biba mu buraruko bwa Nijeriya.

Ubwo bwicanyi bwagizwe mu kiringo c’imisi ibiri y’ibitero vy’abantu bari bitwaje inkoho muri reta ya Plateau iri hagati na hagati y’uburaruko bw’igihugu.

Abacitse kw’icumu n’abategetsi batangaje kuri uno musi wa kabiri ko ubwicanyi nk’ubwo bwagiye buraba muri uno mwaka bwagirizwa amatati ari hagati y’abarimyi n’abungere.

Mu kiganiro kuri televiziyo, Buramatari wa Pateau Caleb Mutfwang yatangaje kuri uno musi wa kabiri avuga ko ubwo bugizi bwa nabi bwakozwe ku musi wa gatandatu no ku musi w’Imana.

Abo bicanyi batumbereye ibigwati 17 mu kugira ubwo bwicanyi butagira izina kandi butari bwasomborokejwe.

Yagize ati: “Muri aka kanya tuvugana tumaze guhamba abantu 15 mu gacimbiri ka Mangu. Muri kino gitondo naho, twaharuye ibiziga ijana muri Bokkos”. Ati “ Sindaharura abishwe i Barkin Ladi”. Buramatari Murfwan yongeyeko ati “twagize Noheri iteye agahinda muri Reta ya Plateau”

Forum

XS
SM
MD
LG