Uko wahagera

Sri Lanka Yarekuye Abanyororo Igihumbi


Igihugu ca Sri Lanka carekuye abanyororo igihumbi mu buryo bwo guhimbaza Noheli. Abategetsi bacyo batangaje ko Prezida Ranil Wickremesinghe yatanze imbabazi ku banyororo barenga igihumbi mu gihugu cose.

Komiseri w’agasho Gamini Dissanayake yavuze ko abo banyororo igihumbi na bane, barekuwe kuri uno musi wa mbere, bari abatari bafise uburyo bwo kuriha amahadabu bari baheranye.

Igihugu ca Sri Lanka gisanzwe kigizwe ahanini n’abanyagihugu bo mw’idini rya Buda. Ikindi gitigiri c’abanyororo bangana gutyo bari bararekuwe mu kwezi kwa gatanu mu buryo bwo guhimbaza umusi mutagatifu wa Vesak, uhimbaza ivuka, ubutagatifu, n’urupfu rwa Buda.

Ico kigongwe kije inyuma y’aho igipolisi gifashe abantu bashika ibihumbi cumi na bitanu mu ndwi yaranzwe n’ibikorwa vya gisirikare vyo gutuza ibiyayuramutwe. Ivyo bikorwa vya gisirikare vyahagaritswe mw’ijoro buca ari Noheli.

Itangazo ry’igolisi rivuga ko abantu bikekwako ubudandanji bw’ibiyayuramutwe bashika ku bihumbi cumi na bitatu, barafashwe. Abandi igihumbi n’ijana basinzikajwe na vyo, barafashwe, barungikwa kuvurirwa mu bigo vya gisirikare. Ivyo bigongwe bije mu gihe ubusho bw’iryo zinga bwuzuye cane.

Nk’uko vyerekanwa mu nzandiko za reta, kugeza ku musi wa gatanu uheze, amabohero y’ico gihugu yari afise abanyororo ibihumbi 30, mu gihe yari ateguwe kwakira ibihumbi 11 bonyene. (VOA News)

Forum

XS
SM
MD
LG