Uko wahagera

DRC: Imvura y’Isegenya Yahitanye Abantu Bane


DRCONGO-DISASTER-FLOOD-RAIN-rdc
DRCONGO-DISASTER-FLOOD-RAIN-rdc

Imvura y’isegenya yaguye mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko yarahitanye ubuzima bw’abantu bane, mu gihe abandi 20 bataratorwa.

Iyo mvura y’isegenya yaratumye umusozi usenyuma muri iyo ntara yo mu buseruko bwa Kongo. Umutegetsi wo muri iyo ntara yatangaje kandi ko abanda bantu batari musi ya 20, bataratorwa gushika ubu.

Iryo senganya ryabaye ku mugoroba w’ejo ku musi wa mungu, mu gisagara ca Kamituga, nk’uko icegera c’umukuru w’ico gisagara, Alexandre Ngandu Kamundala, yabitangaje.

Abantu 25, bagwiriyemwo abimba ubutare, bari bugamye mu kazu gatoyi, igihe uyo musozi wasenyutse wabahitana, ugabasuka mu ruzi rwari hafi yawo.

Forum

XS
SM
MD
LG