Uko wahagera

Uganda: Abashigikiye Abakundana Bahuje Ibitsina Bitwaye muri Sentare Nkuru


Umwe mu bashigikiye abakundana bahuje ibitsina muri Uganda
Umwe mu bashigikiye abakundana bahuje ibitsina muri Uganda

Muri Uganda, Kuri uno musi wa mbere sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yatanguye kwumvuriza imburano z’abarwanya itegeko ry'abakundana bahuje ibitsina. Iryo tegeko rifisemwo igihano c’urupfu kuri bamwe mu bakundana basangiye igitsina. Harimwo kandi igihano c’imyaka 20 w’umunyororo ku bantu bashigikira abandi canke bafasha abantu muri uyo mugenzo.

Iryo tegeko rizwi nka “AHA” ryari ryateweko igikumu n’umukuru w’igihugu Yoweri Museveni mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka. Ivyo vyatumye Amerika n’Ibanki y’isi yose bifatira ibihano igihugu ca Uganda.

Mu rubanza rwamaze umwanya muto, umurwi w’abacamanza batanu bakiriye imburano zatanzwe n’impande zompi. Umukuru w’umurwi w’abacamanza Richard Buteera yabwiye abashikirije izo mburano ko bazomenyeshwa ingingo izoba yafashwe mu misi iri imbere.

Nicholas Opiyo, umushikirizwamanza aserukira abarwanya iryo tegeko, yabwiye abamenyeshamakuru ati “turizeye ko sentare izokwishura ibibazo vyashikirijwe, vyerekeye niba ibwirizwashingiro rikingira buri munyagihugu wes,e ritarinze kuraba ibitsina canke niba hari abakudana basangiye ibitsina.

Abantu bashika kuri batanu baramaze gufatirwa ibihano kuva iryo tegeko rishizwe mu ngiro, harimwo na babiri bagirizwa ivyaha bikomeye. Muri abo bagirizwa ivyaha bikomeye birimwo ivyo kwanduza abandi ingwara zidakira, hamwe n’ababiranye basangiye ibitsina.

Forum

XS
SM
MD
LG