Kuva ejo ku wa gatanu mw’ijoro, Isirayeri iriko iragaba ibitero vy’indege mu ntara ya Gaza. Ni ibitero iriko igaba mu gihe guverenema y’Amerika yasavye inama nkenguzamateka na nshingamateka vy’Amerika kwemeza igurwa ry’ibimodoka vy’intambara bigera ku bihumbi 45, vyo gufasha Isirayeri mu ntambara irimwo na Hamas.
Ivy’uko guverenema ya Joe Biden yasavye ivyo bimodoka vyemezwa na Josh Paul, yahoze avugira ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, hamwe n’uyundi mutegetsi w’Amerika atashimye ko imyidondoro yiwe itangazwa.
Abo bantu uko ari babiri, babwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, ko ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu buriko bukora ibishoboka vyose kugira kongre y’Amerika yemeze igurwa ry’ivyo bimodoka vy’intambara.
Ni mu gihe abaharanira agateka ka zina muntu badashigikiye na gato ko hari ibirwanisho vyakorewe muri Amerika vyokoreshwa mu ntambara ya Isirayeri na Hamas.
Ivyo biduga vy’intambara biciye ikiguzi c’amamiriyoni 500 mu madorali y’Amerika. Abatanze ano makuru bavuga ko imirwi ijejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu mu nama nshingamateka na nkenguzamateka iriko iriga ivy’uwu mugambi mw’ibanga.
Amafaranga y’ivyo bimodoka vy’ingwano ntari mu yagera ku miriyaridi zirenga 110 z’amadorali y’Amerika reta ya Joe Biden yipfuza gufashisha Ukraine mu ntambara irimwo n’Uburusiya na Isirayeri mu ntambara irimwo na Hamas.
Hagati aho, Reta Zunze Ubumwe z’Amerika ejo ku wa gatanu zarazibiye ingingo y’akanama ka ONU kajejwe umutekano, yategeka ko intambara ya Isirayeri na Hamas ihagarara.
Amerika ivuga ko ugutegeka ko intambara ihagarara gihutihuti vyotuma umurwi wa Hamas, ifata nk’umurwi w’iterabwoba wiyubaka gusumba uko uri. Amerika ariko, irashigikiye ko hoba ugutanga agahengwe hagati y’impande zirwana kugira abanyagihugu bahunge, kandi imbohe z’intambara zibohozwe.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Isirayeri n’ayandi makungu, Eli Cohen, asigura ko ugushira ibirwanisho hasi vyotesha umugambi wa Isirayeri wo kuzimanganya Hamas.
Ibihugu bitandukanye birimwo Uburusiya, Irani na Turukiya vyiyamirije ingingo y’Amerika yo kubangamira ingingo y’inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi, yategeka ko intambara hagati ya Isirayeri na Hamas ihagarara.
Palestina yavuze ko Amerika ikwiye kubazwa amaraso yose ariko asesekera muri Gaza, prezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, nawe avuga ko akanama ka ONU kajejwe umutekano kahindutse ico yise akanama ko gukingira Isirayeri. Uburusiya nabwo bwavuze ko ingingo y’Amerika buyifata nk’igihano c’urupfu ku banyapalestina.
Forum